Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 2:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe b’Abafarisayo babonye Yesu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abanyabgenge b’ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n’abanyavyaha n’abatozakori babgira abigishwa biwe, bati Mbega kw asangira n’abatozakori n’abanyavyaha!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 2:16
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.


Nimwakunda ababakunda gusa, n’iki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza?


Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”


Mu nyuma Lewi atumira Yesu n’abigishwa biwe i muhira iwe kugira ngo abazimane, atumira kandi n’abatozakori benshi n’abandi banyavyaha; kuko mu bakurikira Yesu harimwo benshi bameze nk’abo.


“Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha!”


Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.


Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”


Abantu bafise Impwemu basesangura vyose ariko bobo nta wubaserangura,


Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ