Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 2:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose: nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana, bati Ntitwaribgabone ben’ ibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 2:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze amasinzi y’abantu bari aho baratangara cane, baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu yoba ari wa Mwana wa Dawidi?”


Abantu baratangara cane babonye ibiragi bivuga, abacumbagira bagenda neza, ibimuga bimuguruka, n’impumyi zihumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli.


Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”


Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.


Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”


“Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.”


Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.


Umwe muri bo abonye ko yakize, aca asubira inyuma aho Yesu yari ari, ashima Imana n’ijwi rirenga.


Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”


Nta muntu n’umwe yari bwumve aho umuntu yakijije uwavutse ari impumyi.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ