Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 16:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nimugende mubibwire abigishwa biwe, na canecane Petero, ko Yesu agiye kubarindirira i Galilaya. Aho ni ho muzomusanga nk’uko yabibabwiye.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko ni mugende mubgire abigishwa biwe na Petero, mut’ Arabītangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk’uko yababgiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 16:7
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya, ndabarindirireyo.”


Yesu aca arababwira ati: “Ntimutinye; nimugende mubwire bene Data baje i Galilaya, aho ni ho tuzobonanira.”


Nuko rero, nimugende mwihuta mubwire abigishwa biwe ko yazutse kandi ko agiye kubarindirira i Galilaya. Ni ho muzomubonera. Ubwo ni bwo butumwa nari ndabafitiye.”


Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya ndabarindirireyo.”


Nuko ba bagore barasohoka barahunga baja kure ya ya mva bajugumira kandi bazazaniwe, ntibagira n’umwe babibwira kuko bari bafise ubwoba bwinshi. [


Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze:


hanyuma amara imisi myinshi yiyereka abagendanye na we kuva i Galilaya gushika i Yerusalemu. Ubu ni bo bariko baramushingira intahe mu bwoko bwacu.


kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri.


Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ