Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 16:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Na we aca aja kubwira abigishwa iyo nkuru. Abigishwa bari bakigandaye, bamuririra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uwo aragenda, abibarira abābana na we, asanga bababaye barira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 16:10
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mariya Magadalena aca aja aho abigishwa bari bari arababwira ati: “Nabonye Umwami!” Aca ababwira ivyo Yesu yamubwiye.


Yamara imitima yanyu yuzuye umubabaro kubera ivyo ndababwiye.


Yesu arababaza ati: “Ivyo mugenda muraganira ni ibiki?” Nuko baca barahagarara, bijiriwe cane.


Uwo mwanya nyene isake ica ibika ubugira kabiri. Nuko Petero na we aca aribuka ijambo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Maze aca araturikisha ararira.


Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye, kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ