3 Maze abakuru b’abaherezi bamurega ibirego vyinshi.
3 Abaherezi bakuru bamurega vyinshi.
Ariko abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe.
Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
Pilato aramubaza ati: “Mbega nta co wishura? Mbega ntiwumva ivyo bakurega?”
Ariko Yesu ntiyagira ico yishura, bituma Pilato atangara.
Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.”