18 Nuko batangura kumucokora bati: “Turagize bwakeye, Mwami w’Abayuda!”
18 batangura kumuramutsa, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda.
hanyuma bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe. Bamufatisha mu kuboko kw’i buryo inkoni y’irenga. Maze, bamupfukama imbere bamushinyagurira bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!”
bamwambika ikanzu itukura, bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe.
Bamukubita kenshi irenga ku mutwe, bamucirako amate. Bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira ngo baramwubashe.
Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
bamwegera kenshi bavuga bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” Bongera bamukubita mu maso.