57 Nuko bamwe barahaguruka bamwagiriza ibinyoma bati:
57 Bamwe bava hasi, baramubeshera,
bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!”
Bamwe mu bamwagiriza bagerageza kumubeshera, ariko ntibahuza ku vyo bamurega.
“Twamwumvise avuga ati: ‘Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’abantu, hanyuma mu misi itatu nubake urundi, rutubatswe n’abantu.’ ”
Abarengana bagenda baramutuka bamuzunguriza imitwe, bakamubwira bati: “Wewe wavuze ngo wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu!