Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 14:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Agarutse aho bari ubugira gatatu, arababaza ati: “Mbega n’ubu muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 14:41
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

“Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”


Hanyuma, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kuvugana n’abakuru b’abaherezi ingene yobashikiriza Yesu.


Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe turiko turasangira ahava angurisha.”


Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga asaba ngo iyo saha imurengane.


Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro, maze babura ico bamubwira.


Nimuvyuke tugende kuko uwangurishije arashitse.”


Yongera arababwira ati: “Mwagize ishaka ryo kutubahiriza amabwirizwa y’Imana kugira ngo mwubahirize imigenzo yanyu!


kuko yashaka kugumana n’abigishwa biwe ngo abigishe. Arababwira ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. Bazomwica ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”


Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.


Mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye.


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ