Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 14:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 14:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’Imikate itarimwo umwambiro, hari umugenzo wo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. Nuko abigishwa babaza Yesu bati: “Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?”


Barumvikana bati: “Ntidukwiye kumufata mu gihe c’imisi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ