Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 13:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nimwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi ni mwumva intambara n’impuha z’intambara, ntimuze muhagarike imitima: ntibizobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 13:7
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!


Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose.


kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni jewe Kristo!’ kandi bazozimiza benshi.


Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba nyamugigima n’amapfa. Ariko ivyo bizoba ari nk’intango y’ibise.


“Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ