Ku musi wo guca imanza, abantu b’i Ninewe bazohaguruka bagirize abantu ba kino gihe kandi babatsindishe, kuko bo bihanye bamaze kwumva ubutumwa bwa Yona; ariko raba uwuruta Yona ari hano.
Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.
nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.
Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.