Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 12:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ariko ba barimyi bamubonye baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maz’ abo barimyi baravugana, bat’ Urya ni we samuragwa; ni muze tumwice, umwandu uz’ ube uwacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 12:7
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Herode abonye ko ba banyabwenge mu vy’inyenyeri mu buseruko bamuhenze, arashavura cane, aca arungika abasoda kwica abana bose b’i Betelehemu no mu micungararo yaho, bafise imyaka ibiri n’abatarayikwiza akurikije igihe yabonaniye na ba banyabwenge.


Hageze igihe co kwimbura, arungika abakozi biwe ngo baje gutora igice c’umwimbu kimwegukira.


Nuko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’ubwo bwoko barondera ingene bomufata kuko bari batahuye ko ari bo yariko aravuga muri uwo mugani. Ariko barabitinya kubera abantu, baca bamusiga aho baragenda.


Umuhungu wiwe akunda cane ni we yari asigaranye yashobora gutuma. Nuko amurungika ubwa nyuma yibwira ati: ‘Umuhungu wanje we bazomusonera.’


Nuko baca baramufata, baramwica, bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu.


Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.


Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ