Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 12:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Umuhungu wiwe akunda cane ni we yari asigaranye yashobora gutuma. Nuko amurungika ubwa nyuma yibwira ati: ‘Umuhungu wanje we bazomusonera.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yar’ agisigaranye umwe, umwana wiwe akunda: hanyuma amubatumako, ati Bazosonera umwana wanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 12:6
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”


Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”


Hanyuma arungika uwundi mukozi, uwo we baca baramwica. Yarungitse abakozi benshi, bamwe barabakubita, abandi barabica.


Ariko ba barimyi bamubonye baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’


Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri ca gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!”


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


Maze humvikana ijwi muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje natoranije. Nimumwumvirize!”


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”


Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.


Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ