Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:52 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

52 Yesu aravuga ati: “Igire, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 Yesu arayibgira, ati Genda, ukwizera kwawe kuragukijije. Aca arahumūka, amukurikira ku nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:52
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba impumyi n’ikiragi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.


Yesu aca aramubwira: “Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe.” Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.


Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza.


Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene aca arakira ya mibembe.


Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.


Nuko Yesu yegera aho aryamye, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.


Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”


Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso ya wa muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza.


Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ukwizera kwawe kwagukijije, igire amahoro.”


Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”


Nta muntu n’umwe yari bwumve aho umuntu yakijije uwavutse ari impumyi.


Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ