Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Yumvise ko ari Yesu w’i Nazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Yumvise kw ari Yesu Umunyanazareti atangura gutakamba, ati Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:47
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:


Maze amasinzi y’abantu bari aho baratangara cane, baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu yoba ari wa Mwana wa Dawidi?”


Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Hafi y’inzira, hari impumyi zibiri zari zicayeho. Zumvise ko Yesu azananye iyo nzira, zitangura gusemerera n’ijwi rirenga ziti: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!”


Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


Hanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.”


Yesu avuye aho, impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”


“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.


Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”


Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo: yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda.


Abandi bavuga bati: “Ni Kristo.” Abandi na bo bati: “Kristo ntashobora kuva i Galilaya.


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ