Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 atazobishumbushwa ijana mur’ iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:30
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.


Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu.


Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.


atazovyishurwa incuro nyinshi muri iki gihe, kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.”


Yesu ariko aragendagenda mu rusengero mw’ibaraza rya Salomo,


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.


Ariko ukugororoka n’uguhazwa n’ivyo ufise bigira ikimazi kinini cane.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.


Kandi ico Kristo yadusezeraniye ni ubugingo budashira.


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.


Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ