Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Abigishwa batangazwa n’ayo majambo. Yesu yongera arababwira ati: “Bana nkunda, biragoye cane kwinjira mu Bwami bw’Imana!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Abigishwa batangazwa n’amajambo yiwe. Yesu yongera kubabgira, ati Bana banje, erega biragoye kw abizigiye ubutunzi binjira mu bgami bg’Imana!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:24
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.


Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.


Bana nkunda, mwirinde ikintu cose cotwara ikibanza c’Imana mu mitima yanyu.


Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


Arabahamagara ati: “Bagenzi, nta fi mufise?” Na bo bati: “Oya!”


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Abigishwa bavyumvise baratangara cane, hanyuma baramubaza bati: “None nimba biri uko, ni nde ashobora kurokoka?”


Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”


Yesu arahindukira abwira abigishwa biwe ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ