Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Wa muntu avyumvise aca arijirirwa, agenda ababaye kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Yumvise iryo jambo arijirwa, agenda ababaye, kuko yar’ afise itunga ryinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:22
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.


Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye, kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.


Yuda yamugurishije abonye ko baciriye Yesu urubanza rwo gupfa, aca aricuza, hanyuma afata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, abishira abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru,


Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”


Yesu arahindukira abwira abigishwa biwe ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana!”


kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.


Maze umwami Herode arababara cane, ariko kubera indahiro yarahiye imbere y’abatumire, ntiyashobora kumwankira ico asavye.


Aca ababwira ati: “Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise.”


Wa muntu avyumvise arababara cane kuko yari atunze cane.


Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu.


Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ