Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abafarisayo baza kuri we, baramugeza, bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore wiwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:2
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma abigishwa biwe baza aho ari, baramubaza bati: “Mbega urazi ko Abafarisayo bababaye bumvise ivyo uhejeje kuvuga?”


Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.


Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”


Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe, agerageza kumutega umutego, amubaza ati:


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu isinzi baza aho ari, aca arabigisha nk’uko yari asanzwe abikora.


Arabishura ati: “Mbega ivyagezwe vya Mose bitegeka iki?”


Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumutega umutego, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ko yatumwe n’Imana.


Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”


Maze Umwami Yesu aca amubwira ati: “Mwebwe Abafarisayo mwitwararika cane kwoza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko mwuzuye ubukunzi bw’inda n’ubugizi bwa nabi.


Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato.


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)


Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bari batanze itegeko ko umuntu wese yobona aho Yesu ari yoca aja kubibabwira kugira ngo bamufate.


Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.


Nta n’umwe muri twebwe abakuru canke Abafarisayo yamwizeye.


Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.


Ntitugerageze Kristo nk’uko bamwe babigize bakamarwa n’inzoka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ