Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’aba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Maze Yesu abibonye, araraka, arababarira, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubg’ abameze bartyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:14
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.


Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”


Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.


“Harahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.


Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: “Satani, herera inyuma yanje. Ivyo wiyumvira si ivy’Imana, ni ivy’abantu.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”


Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa, n’abana b’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’


Nimba ikimanyu c’umukate cashikaniwe Imana nk’ivyeze ubwa mbere cejejwe, umukate wose uba wejejwe; kandi nimba imizi y’igiti yejejwe, n’amashami na yo nyene aba yejejwe.


Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


Kuko umugabo atizera yezwa biciye ku mugore wiwe, kandi n’umugore atizera yezwa biciye ku mugabo wiwe. Ahandi ho abana banyu bobaye abahumanye, ariko noneho barejejwe.


“Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha,” kandi izuba ntirirenge mugishavuye,


Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunike, kandi ndizera ntakekeranya ko kuri no muri wewe.


Wamenye Ivyanditswe Vyera kuva ukiri umwana, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu.


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ