10 Bashitse mu nzu, abigishwa basubira kubaza Yesu ku bijanye n’ukwahukana.
10 Yinjiye mu nzu abigishwa bongera kumubaza iryo jambo.
Arabishura ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba asambanye, kandi aba acumuye kuri uwo wa mbere.
None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
Inyuma y’aho, Yesu ari kumwe na ba bigishwa cumi na babiri n’abandi bari bamukikije, bamubaza ivyerekeye iyo migani.
Mu nyuma y’ivyo, Yesu yinjiye mu nzu, abigishwa biwe baramubaza biherereye bati: “Ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”
Nuko bashika i Kaperinawumu. Ashitse mu nzu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega mwariko muharira ku ki igihe twari mu nzira tuza?”