Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 10:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu isinzi baza aho ari, aca arabigisha nk’uko yari asanzwe abikora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Arīkora avayo, aja mu gihugu c’i Yudaya no hakurya ya Yorodani, ishengero ryongera gukoranira kuri we, yongera kubigisha nk’uko yamenyereye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 10:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Nuko Yesu ajana na bo i Kaperinawumu. Umusi w’Isabato ushitse, yinjira mw’isinagogi arigisha.


Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”


Hanyuma, Yesu ariko arigisha mu rusengero, abaza ati: “Mbe ni kuki abigisha b’ivyanditswe bavuga ko Kristo ari umwana wa Dawidi?


Imisi yose namana namwe mu rusengero nigisha, ariko ntimwigeze mumfata. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe bishike.”


Yesu yongera kuja ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya. Nuko abantu benshi baza aho ari na we atangura kubigisha.


Nuko abigisha vyinshi mu migani, ababwira ati:


Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?


Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Nuko atangura kubigisha vyinshi.


Maze atangazwa cane n’ukutizera kwabo. Nuko Yesu agendagenda yigisha, ava mu mihana aja mu yindi.


Yesu aca asubira hakurya ya Yorodani mu kibanza Yohana yabatirizamwo mu misi ya mbere, ahamara igihe.


Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Ingo dusubire i Yudaya.”


Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ