Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Abantu benshi bava mu ntara ya Yudaya no mu gisagara ca Yerusalemu bakaja iyo ari. Bamaze kwatura ivyaha vyabo, yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Igihugu c’i Yudaya cose n’ab’i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we: ababatiriza mu ruzi Yorodani, bātuye ivyaha vyabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 1:5
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.


Uko ni ko Yohana Umubatizi yaserutse mu bugaragwa yigisha umubatizo wo kwihana ngo abantu baharirwe ivyaha.


Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Ivyo vyose vyabereye ahitwa Betaniya, hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohana yabatiriza.


Ico gihe Yohana na we yariko arabatiriza ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kuko hari amazi menshi, kandi abantu baguma baza kubatizwa.


Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.


Maze benshi mu bari bizeye baraza, baratura bongera bavugira ku mugaragaro ivyo bakoze.


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ