43 Yesu aca amurungika amwihanikirije ati:
43 Aramwihanikiriza rwose, aca amurungika uwo mwanya,
Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”
Ubwo nyene ya mibembe ica iramuvako arahumanuka.
“Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Ariko we yaca azikankamira ngo zihore, ntizisubire kuvuga uwo ari we.
Maze Yesu arabihaniza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.
Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza.
Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.