Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 1:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abarwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 1:32
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abarwaye bose.


Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati: “Yikoreye ubumuga bwacu, yishirako ingwara zacu zose.”


Nuko Yesu ajana na bo i Kaperinawumu. Umusi w’Isabato ushitse, yinjira mw’isinagogi arigisha.


Nuko Yesu yegera aho aryamye, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.


Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira.


Izuba ririko rirarenga, bamuzanira abantu bose bafise ingwara zitandukanye, arambika ibiganza kuri umwumwe wese, arabakiza.


N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ