Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 1:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Bose baratangara, bituma babazanya, bat’ Iki n’iki? N’ukwigisha gusha! N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 1:27
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu baratangara cane babonye ibiragi bivuga, abacumbagira bagenda neza, ibimuga bimuguruka, n’impumyi zihumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli.


Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora.”


Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”


Ya mpwemu mbi ica iramujegeza hanyuma imuvamwo ivuza induru nyinshi.


Ubwo nyene inkuru ziwe zica ziramamara mu ntara yose ya Galilaya.


Abigishwa batangazwa n’ayo majambo. Yesu yongera arababwira ati: “Bana nkunda, biragoye cane kwinjira mu Bwami bw’Imana!


Bari mu nzira baduga i Yerusalemu, Yesu agendera imbere y’abigishwa biwe kandi bari bahagaritse imitima, ndetse n’abagendana na bo bari bafise ubwoba. Nuko Yesu yihereranya bamwe cumi na babiri, yongera kubabwira ibigiye kumubako.


Binjiye mu mva, babona umuntu asa n’umusore yambaye ikanzu yera cane, yicaye ku ruhande rw’i buryo, maze bagira ubwoba.


Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!


Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: “Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga.”


Abantu bose baratangara cane, babwirana bati: “Ijambo ry’uwu muntu rirakomeye! Rifise ububasha n’inkomezi, kuko n’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira, zigasohoka!”


Umusi umwe Yesu yakoranije bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara,


Nuko bamujana imbere y’abagize inama nkuru y’igisagara ari yo bita Areyopago, bamubwira bati: “Twoshobora kumenya izo nyigisho nshasha uzanye?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ