Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 1:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 “Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 ati Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 1:24
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Ako kanya nyene, muri iyo sinagogi, umuntu yarimwo impwemu ihumanye, atangura gusemerera ati:


Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!”


Yumvise ko ari Yesu w’i Nazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”


Abonye Petero ariko arota, aramwihweza cane. Maze amubwira ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu Umunyanazareti.”


Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


“Yesu w’i Nazareti, udushakako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!”


Nuko abantu bose bo mu ntara ya Gerasene baca binginga Yesu ngo abavireho, kuko bari bagize ubwoba bwinshi. Yesu aca yurira ubwato arigira.


Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana.”


kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.


Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.


Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.


Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ