Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Mariko 1:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ako kanya nyene, muri iyo sinagogi, umuntu yarimwo impwemu ihumanye, atangura gusemerera ati:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Uwo mwanya mw isinagogi yabo hār’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye, arasemerera,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Mariko 1:23
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica igenda iyerera mu bugaragwa irondera aho yoruhukira. Ihabuze,


Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe.


“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Bavuye mw’isinagogi, Yesu aca ajana na Yakobo na Yohana i muhira kwa Simoni na Andereya.


Nuko Yesu akiza abantu benshi bari barwaye ingwara zitandukanye. Yirukana n’impwemu mbi nyinshi, ntiyazemerera kugira ico zivuga kuko zari zamenye uwo ari we.


Nuko agendagenda mu ntara ya Galilaya yose, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.


Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu ihumanye aza guhura na we avuye mu mva.


Ubwo nyene umugore yari afise umukobwa aboshwe n’impwemu mbi yumva ko Yesu ari ho ari. Aca araza apfukama imbere yiwe.


Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ