56 Nuko baca baja mu yindi mihana.
56 Nuko baja mu yindi mihana.
Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [
Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.]
kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”
Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu.
Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”
Yesu aca arasemerera ati: “Geza aho, biramaze!” Yesu aca akora kuri kwa gutwi, aramukiza.
Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu za Yesu hakoreshejwe ubufindo.
Yesu aca arahindukira, arabakankamira [ati: “Ntimuzi impwemu ibakoresha iyo ari yo! Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no guhonya abantu, ahubwo yazanywe no kubakiza.”]
Bari mu nzira bagenda, umuntu umwe araza abarira Yesu ati: “Nditeguye kugukurikira aho uja hose.”
Igisuma ntikizanwa n’ikindi atari ukwiba, ukwica no gutikiza; ariko jewe naje kugira ngo intama zigire ubugingo, kandi zibugire busagutse.
Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.
Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.
Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.
Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.