53 Ariko abantu baho banka kumwakira kuko yari ahaciye aja i Yerusalemu.
53 Ntibāmwākīra, kuko yerekeje i Yerusalemu.
Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”
Ba sogokuruza basengera kuri uwu musozi, ariko mwebwe Abayuda muvuga ko ikibanza co gusengeramwo ari i Yerusalemu.”
Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)