Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira mu mitima, aca ahamagara umwana mutoya amuhagarika i ruhande yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Ariko Yesu abonye ivyo bihāri vyo mu mitima yabo, yābīra akana, agahagarika i ruhande yiwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:47
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.


Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ