40 Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane ariko vyabananiye.”
40 Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira.
Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [
Umusi umwe Yesu yakoranije bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara,
Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura bigoranye.
Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”