Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura bigoranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 kandi har’ impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kand’ ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:39
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ishobora kumufatira aho ari ho hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya imisaya, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara.”


Nuko bamuzanira wa mwana. Ya mpwemu mbi ikibona Yesu, itangura kumujegeza cane, agwa hasi, arikumbagaza, ibira ifuro mu kanwa.


Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: “Arapfuye.”


Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!” Wa mudayimoni aca amukubita hasi imbere ya bo, amuvamwo ata co abaye.


Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’ivyuma amaguru n’amaboko kugira ngo agume hamwe, yarayicagagura, ya mpwemu mbi ikamutwara kuyerera mu gahinga.


Umwe muri abo bantu arasemerera ati: “Ndakwinginze untabarire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe.


Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane ariko vyabananiye.”


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ