Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Mose na Eliya bakiriko baratandukana na Yesu, Petero aramubarira ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.” (Ariko Petero ntiyari azi ivyo ariko aravuga.)

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Bagira batandukane na we, Petero abgira Yesu, ati Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano; nuko duce insago zitatu, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. Ntiyar’ azi ico avuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:33
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bashitse musi y’umusozi, basanga abantu isinzi babarindiriye. Umugabo umwe aramwegera, apfukama imbere yiwe.


Petero abwira Yesu ati: “Mwami, bitubereye vyiza kuba hano hantu. Ubikunze, reka ndahashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”


Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba! Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako canke kubatizwa umubatizo w’umubabaro ngiye kubatizwa?”


Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”


Akiriko aravuga, igicu kiraza kirabapfuka. Abo bigishwa bagira ubwoba bwinshi igicu kibatwikiriye.


Yohana aramubwira ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe, duca turamubuza kuko atari kumwe natwe.”


Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ