Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”
Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”
Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, ariko hari n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yazutse.”