Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Haheze nk’imisi umunani Yesu ababwiye ivyo, ahitana Petero, Yohana na Yakobo, baduga ku musozi gusenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, adūga igisozi, aja gusenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:28
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaze gusezera abantu, aca aduga ku musozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene.


Yesu abonye abantu baje ari benshi, aca aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera,


Mu gitondo ca kare butaraca, Yesu aravyuka, arasohoka aja gusengera mu ahantu hiherereye.


Ahejeje kubasezera, aca aduga ku musozi gusenga.


Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka,


Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana.


Umusi umwe Yesu yariko arasenga yiherereye, ari kumwe n’abigishwa biwe. Arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”


Nuko Yesu aduga ku musozi yicarana n’abigishwa biwe.


Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.”


Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.


Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ