9 Abigishwa biwe baca bamubaza insiguro y’uwo mugani.
9 Maz’ abigishwa biwe bamubaza uwo mugani, uw’ ari wo.
Abigishwa biwe baramwegera baramubaza bati: “Ni kuki wigisha abantu ukoresheje imigani?”
Nimwumvirize ico umugani w’umubivyi usigura:
Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima.”
Petero aramubwira ati: “Dusigurire uwo mugani.”
Inyuma y’aho, Yesu ari kumwe na ba bigishwa cumi na babiri n’abandi bari bamukikije, bamubaza ivyerekeye iyo migani.
Nta kintu na kimwe yabigishije adakoresheje imigani. Ariko asigaranye n’abigishwa biwe bonyene, yaca abasigurira vyose.
Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.