7 Izindi na zo zaguye mu mahwa; zimeze zikurana na yo, aca arazinyoha.
7 Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha.
Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.
Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha.
Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha, ntizashobora kwama.
Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,
Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.
Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye.
Ariko hari izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.”