6 Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye.
6 Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera zirūma, kuko zibuze ahabomvye.
Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.
“Habaye umurimyi yagiye kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, abantu barazihonyanga, inyoni zo mu kirere na zo zirazinobagura.
Izindi na zo zaguye mu mahwa; zimeze zikurana na yo, aca arazinyoha.
Mwibuke ico Ivyanditswe bivuga: “Uwu musi nimwumva ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bayigarariza.”