54 Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: “Mwana wanje, vyuka!”
54 Amufata ukuboko, avuga n’ijwi rirenga, ati Mukobga, vyuka.
Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka.
Nuko Yesu yegera aho aryamye, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.
Nuko afata ukuboko ya mpumyi ayijana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso ya ya mpumyi, ayirambikako ibiganza, arayibaza ati: “Hari ikintu ubona?”
Ariko Yesu amufata ukuboko aramuhagurutsa, maze wa mwana arahagarara.
Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana.
Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye.
Ubwo nyene impwemu y’abazima imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire.
Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”
Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.
Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara.
Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.