53 Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye.
53 Baramutwenga bamushinyagurira, kuko bari bazi ko yapfuye.
Arababwira, ati: “Nimusohoke. Uwu mwana ntiyapfuye, arasinziriye.” Ariko, abo bantu baramushinyagurira.
Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.
Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: “Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.”
Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: “Mwana wanje, vyuka!”
Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.” Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”