Luka 8:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe29 Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’ivyuma amaguru n’amaboko kugira ngo agume hamwe, yarayicagagura, ya mpwemu mbi ikamutwara kuyerera mu gahinga. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)29 Kuko yar’ abariye iyo mpwemu ihumanye kuva mur’ uwo muntu. Yahora imutera kenshi, kandi bāmubohesha iminyororo ku maboko no ku maguru, bakamurinda, agacagagura ibimuboshe, dayimoni akamukubebera mu bugaragwa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |