Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: “Mwigisha, mwigisha, turapfuye!” Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Baraza, baramukangura, bati Mwigisha, Mwigisha, turapfuye! Ari angura, azibiza ingunza n’ugusūriranya kw’amazi: birahora, haba agahwekere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:24
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!”


Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: “Mwami dukize, turapfuye!”


Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora, tekereza!” Wa muyaga uca urahagarara, haca haba agahwekere.


Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!” Wa mudayimoni aca amukubita hasi imbere ya bo, amuvamwo ata co abaye.


Yesu aramwegera, ahagarara i ruhande yiwe, akankamira ubwo bushuhe, buca burahera. Ako kanya nyene aca arahaguruka, arabazimana.


Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”


Yesu aca abaza ba bigishwa ati: “Ukwizera kwanyu kuri he?” Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ