Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:15
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.


Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”


Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.


Nta wudomeka itara hanyuma ngo aryubikeko igiseke canke ngo arinyegeze musi y’uburiri. Ahubwo aritereka ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu.


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.


Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.


Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza.


Ariko ko twiteze ivyo tutarabona, dutegerezwa kubirindira twihanganye.


Ugukebwa canke ukudakebwa vyompi nta co bimaze. Igihambaye ni ugukurikiza amabwirizwa y’Imana.


Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.


Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.


Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe.


Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.


Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.


Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ