11 Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana.
11 Umugani n’uyu. Imbuto n’ijambo ry’Imana.
Nimwumvirize ico umugani w’umubivyi usigura:
Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.
Nuko Yesu arababaza ati: “Mbega ntimutahura uwo mugani? None iyindi mwoyitahura gute?
Abantu bamwe bameze nk’isi y’i ruhande y’inzira. Iyo abo bantu bumvise ijambo ry’Imana, Satani araza akarikura mu mitima yabo kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.
Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.