48 Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ivyaha vyawe urabihariwe.”
48 Abgira wa mugore, at’ Urahariwe ivyaha vyawe.
Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe, canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende?
Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ca kimuga ati: “Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
Mbega icoroshe ni uko nobwira iki kimuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’?
Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe.”
Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’?
Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”