Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 (Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Kand’ abantu bose n’abatozakori bumvise Yohana bemeye ukugororoka kw’ Imana, kuko bābatijwe na Yohana:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:29
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwakunda ababakunda gusa, n’iki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza?


Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Abatozakori na bo baraza ngo ababatize. Baramubaza bati: “Mwigisha, dukore iki?”


Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wungana na Yohana; ariko umuntu mutoya musi y’abandi mu Bwami bw’Imana arahambaye kumuruta.”


Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ubuzima bw’ababwakiriye.”


Yari yarigishijwe inzira y’Umwami Yesu, kandi n’aho yari yabatijwe umubatizo wa Yohana gusa, yigisha ivya Kristo ashize amanga mu kuri kwose.


Maze Pawulo arababaza ati: “None mwabatijwe uwuhe mubatizo?” Baramwishura bati: “Umubatizo wa Yohana.”


Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.


baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.


Nca numva umumarayika yari afise ububasha ku mazi avuga ati: “Wewe Wera, uwuriho kandi wamyeho, uragororotse mu guca imanza nk’izi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ