46 Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira?
46 Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?
Mu nyuma, za nkumi z’ubwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’
Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utasanzaje imbuto.
Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke urwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’
Ntimuhendwe: Imana nticokorwa. Ico umuntu abiba ni co azokwimbura.
Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.