31 Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
31 Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.
Irya kabiri na ryo risa n’iryo: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’
Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.
Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.”