30 Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
30 Ūgusaba wese umuhe, ūnyaga ivyawe ntuz’ ubimwake ukundi.
Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mutima.”
Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu.
Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.
Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.
Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.
Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara umutamana, umuhebere n’ikanzu na yo.
Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.”
Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”
Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.
Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.